Arama
    Pechie B Hakkında

    #NdiUmunyaMutakura

    📜AMAJAMBO NYEZINA
    ______________________________________
    Twabwise Uburundi bwa Nyaburunga
    Bwagwita Urwanda rwa Gasabo
    Baducokora ngo rwari Urwanda n’urundi
    nanje nti muribuka Ko capital yari USUMBURA

    Kuva kera na rindi, Urwanda n’Uburundi
    Vyamye ar’ibihugu bivandimwe n’incuti
    Ariko hari igihe, kimwe catera ikindi
    Mu ntumbero yo kwagura imbibe n’uturimbi

    Nyuma y’ukwikukira ntihigeze haba urwanko
    Ahubwo hamye har’ihiganwa hagati yavyo
    Uno musi ariko, ngira mvuge gato
    Ivyerekeye igihanwa rijanye n’ivy’imico

    Umuziki w’ibi bihugu bibiri vyacu
    Kuva kera umwe niwo wari uyoboye uwundi
    Orchestre Amabano ya Niki Dave Canjo Nova
    Umuziki bavuza abanyarwanda ntibitora

    Vyabaye ngombwa yuko Nikiza David
    Irindwi na gatatu mu muji wa Kigali
    Ahatanguza band na Franco bise “Les fellows”
    Bigisha abanyarwanda umuziki nyawo

    Niho haciye havuka iyindi mirwi
    Igerageza na gato basi kuvuza umuziki
    Orchestre Impala yabaye bugerageze
    Iyaririmvye “Na none dore umwaka urashize”

    Ubu niho baje kumenya Prix Découverte RfI
    Canjo yayitwaye muri mirongo umunani
    Mu ndirimbo isiga ubwenge n’ubu tugica umugani
    Ayi mamiwe Sogokuru yari Intwari

    Uwo mwaka nyene mu gihugu c’Ubuholande
    Haba igihanwa ryiswe Concours Du Moulin d’or
    Iyobowe n’igihangange Manu Dibango
    Agashimwe gatah’iwacu na Groupe Amabano

    Gushika kuri Matata, nyuma yaho Kidum
    Ntibari kumenya ivy’umuziki w’ubu
    Iyo batahabona Mutama Aaron Tunga
    Ngw’abakorere song na studio analogique

    Vyari magique gukorera kuma pistes
    Mu gihe kuva kera twe twari dufise hits
    Zaba Evode ,Bahaga hamwe n’abandi
    Bakoresha ubwo buhinga depuis les années 90

    Gushika mu myaka y’ibihumbi bibiri
    Kigali yasamirana umuziki w’i Burundi
    Ninde yumva inyarwanda, hari Kidum na Matata
    Fizzo na Lolilo Kiradodora n’Utujede

    Muma 2015 uko, Nuko General Fizzo
    Mu ndirimbo Indoro, arabaha collabo
    Aho rero niho yabaye imvo n’imvano
    Yo kurenga umupaka, maze bagashika n’ino

    Abarundi muri wa muco wo gukundana
    Tubakiriza yompi mu kwakira ivyabo
    Ariko bob’iwabo batangura kuja inama
    Z’ukuntu botuzimya, bagateza imbere ababo

    None raba n’ubu turacabatumako
    Kuduteramisha, nako kudukamisha
    Mu gihe abana bacu badashikirwa iwabo
    Birengagizwa, mu kudashigikirwa

    Barafashe umwanya munini wo kwiyubaka
    Mukwiyunga, wo kwikunda nako kutugunga
    Mu kutatuvuza, naho yoba hit gute
    Bariyaranja iwabo ntikavuzwe na gato

    Nyereka umurundi umwe yamenyekanye kubwabo
    Nkwereka abanyarwanda cumi bamenyekanye kubwacu
    Izi mpande zompi iyo zigize callabo
    Hama hunguka abo hakurya ya Kanyaru

    Iyo bakoranye indirimbo n’uwo ngaha
    Ntiwibaze yuko iba igamije kumufasha
    Ngo maze umurundi nawe yagukirwe hirya
    Ahubwo iba igamije kubafatisha akarere k’aha

    Babagize ba Rumaliza batabizi
    Babaye bubakoreshe mu kubacira inzira
    Erega barabitije nk’aba commissionaire
    Biyagurire imbibe, no gufata akarere

    Ivyo vyatumye natwe ubwacu twibaza
    Yukw’ivyabo arivyo binaryoshe kurusha
    Nta gihugu gitezw’imbere n’ukwinjiza gusa
    Mu gihe naco kidasohotse kugurisha

    Ka kageso kacu ko guha agaciro ivyo hanze
    Tukabirutisha ivyacu, niko kaduhanze
    Kuburyo n’abarwizatunga bacu bapfuma
    Batanga ama dollar mu kuzana abanyamahanga

    Mbeg’ivyo bakora, abacu ntavyo bashoboye?
    Ushima babishoboye baranabibasumba benshi
    Ico badusumvya n’ubugunge n’amayeri
    Harageze ko na twebwe duhaguruka kweli

    Erega twarinjiranywe ntitwabimenya
    Ni koko Uburundi bwamye ari nyabagendwa
    Arik’uwanka kurwanira umweko wa nyina
    Icumu rya se baruhira kuritwara abona

    Ikosa ni ryacu ryo kwemera ayo manyanga
    Mu gihe iwabo ibiteramo birangiza umwaka
    Bihaye kutabitumiramwo umunyamahanga
    Mu ntumbero yo guteza imbere ababo banyarwanda

    Natwe ni kenshi tumaze kwerekana
    Yukw’ata munyamahanga vyose bishoboka
    Bidusaba ko twung’urunani rw’intamenwa
    Leta igahimiriza aba boss kw’investissa ngaha

    Pechie B Hakkında
    Yorum Yapabilirsiniz:
    En Popüler Şarkılar
    Kutsi – Doğum Günü

    İzlenme :

    Kategori : Genel

    1 ay önce yayınlandı

    GÜLŞEN KUTLU – AHU GÖZLER

    İzlenme :

    Kategori : Genel

    25 gün önce yayınlandı

    TUSK I BODNAR STANĄ PRZED SĄDEM!

    İzlenme :

    Kategori : Genel

    15 gün önce yayınlandı

    Gülizar 2. Bölüm

    İzlenme :

    Kategori : Genel

    26 gün önce yayınlandı

    Gülizar 2. Bölüm Fragmanı

    İzlenme :

    Kategori : Genel

    13 gün önce yayınlandı

    Yangın Olur Biz Yangına Gideriz

    İzlenme :

    Kategori : Genel

    26 gün önce yayınlandı

    VIDRADO EM VOCE – DJ GUUGA E

    İzlenme :

    Kategori : Genel

    8 gün önce yayınlandı

    WAIT FOR THE END! 🤣 Vidrado Em V

    İzlenme :

    Kategori : Genel

    7 gün önce yayınlandı

    Gülizar, Babasının Evinden Kovul

    İzlenme :

    Kategori : Genel

    8 gün önce yayınlandı

    İlker Gürsan – Bu Dünyada

    İzlenme :

    Kategori : Genel

    3 ay önce yayınlandı