#NdiUmunyaMutakura
📜AMAJAMBO NYEZINA
______________________________________
Twabwise Uburundi bwa Nyaburunga
Bwagwita Urwanda rwa Gasabo
Baducokora ngo rwari Urwanda n’urundi
nanje nti muribuka Ko capital yari USUMBURA
Kuva kera na rindi, Urwanda n’Uburundi
Vyamye ar’ibihugu bivandimwe n’incuti
Ariko hari igihe, kimwe catera ikindi
Mu ntumbero yo kwagura imbibe n’uturimbi
Nyuma y’ukwikukira ntihigeze haba urwanko
Ahubwo hamye har’ihiganwa hagati yavyo
Uno musi ariko, ngira mvuge gato
Ivyerekeye igihanwa rijanye n’ivy’imico
Umuziki w’ibi bihugu bibiri vyacu
Kuva kera umwe niwo wari uyoboye uwundi
Orchestre Amabano ya Niki Dave Canjo Nova
Umuziki bavuza abanyarwanda ntibitora
Vyabaye ngombwa yuko Nikiza David
Irindwi na gatatu mu muji wa Kigali
Ahatanguza band na Franco bise “Les fellows”
Bigisha abanyarwanda umuziki nyawo
Niho haciye havuka iyindi mirwi
Igerageza na gato basi kuvuza umuziki
Orchestre Impala yabaye bugerageze
Iyaririmvye “Na none dore umwaka urashize”
Ubu niho baje kumenya Prix Découverte RfI
Canjo yayitwaye muri mirongo umunani
Mu ndirimbo isiga ubwenge n’ubu tugica umugani
Ayi mamiwe Sogokuru yari Intwari
Uwo mwaka nyene mu gihugu c’Ubuholande
Haba igihanwa ryiswe Concours Du Moulin d’or
Iyobowe n’igihangange Manu Dibango
Agashimwe gatah’iwacu na Groupe Amabano
Gushika kuri Matata, nyuma yaho Kidum
Ntibari kumenya ivy’umuziki w’ubu
Iyo batahabona Mutama Aaron Tunga
Ngw’abakorere song na studio analogique
Vyari magique gukorera kuma pistes
Mu gihe kuva kera twe twari dufise hits
Zaba Evode ,Bahaga hamwe n’abandi
Bakoresha ubwo buhinga depuis les années 90
Gushika mu myaka y’ibihumbi bibiri
Kigali yasamirana umuziki w’i Burundi
Ninde yumva inyarwanda, hari Kidum na Matata
Fizzo na Lolilo Kiradodora n’Utujede
Muma 2015 uko, Nuko General Fizzo
Mu ndirimbo Indoro, arabaha collabo
Aho rero niho yabaye imvo n’imvano
Yo kurenga umupaka, maze bagashika n’ino
Abarundi muri wa muco wo gukundana
Tubakiriza yompi mu kwakira ivyabo
Ariko bob’iwabo batangura kuja inama
Z’ukuntu botuzimya, bagateza imbere ababo
None raba n’ubu turacabatumako
Kuduteramisha, nako kudukamisha
Mu gihe abana bacu badashikirwa iwabo
Birengagizwa, mu kudashigikirwa
Barafashe umwanya munini wo kwiyubaka
Mukwiyunga, wo kwikunda nako kutugunga
Mu kutatuvuza, naho yoba hit gute
Bariyaranja iwabo ntikavuzwe na gato
Nyereka umurundi umwe yamenyekanye kubwabo
Nkwereka abanyarwanda cumi bamenyekanye kubwacu
Izi mpande zompi iyo zigize callabo
Hama hunguka abo hakurya ya Kanyaru
Iyo bakoranye indirimbo n’uwo ngaha
Ntiwibaze yuko iba igamije kumufasha
Ngo maze umurundi nawe yagukirwe hirya
Ahubwo iba igamije kubafatisha akarere k’aha
Babagize ba Rumaliza batabizi
Babaye bubakoreshe mu kubacira inzira
Erega barabitije nk’aba commissionaire
Biyagurire imbibe, no gufata akarere
Ivyo vyatumye natwe ubwacu twibaza
Yukw’ivyabo arivyo binaryoshe kurusha
Nta gihugu gitezw’imbere n’ukwinjiza gusa
Mu gihe naco kidasohotse kugurisha
Ka kageso kacu ko guha agaciro ivyo hanze
Tukabirutisha ivyacu, niko kaduhanze
Kuburyo n’abarwizatunga bacu bapfuma
Batanga ama dollar mu kuzana abanyamahanga
Mbeg’ivyo bakora, abacu ntavyo bashoboye?
Ushima babishoboye baranabibasumba benshi
Ico badusumvya n’ubugunge n’amayeri
Harageze ko na twebwe duhaguruka kweli
Erega twarinjiranywe ntitwabimenya
Ni koko Uburundi bwamye ari nyabagendwa
Arik’uwanka kurwanira umweko wa nyina
Icumu rya se baruhira kuritwara abona
Ikosa ni ryacu ryo kwemera ayo manyanga
Mu gihe iwabo ibiteramo birangiza umwaka
Bihaye kutabitumiramwo umunyamahanga
Mu ntumbero yo guteza imbere ababo banyarwanda
Natwe ni kenshi tumaze kwerekana
Yukw’ata munyamahanga vyose bishoboka
Bidusaba ko twung’urunani rw’intamenwa
Leta igahimiriza aba boss kw’investissa ngaha